Page 14

TCD Multilingual 2015

Jean Bosco Harerimana Role: M.Phil student in International Peace Studies First Language: Kirundi Other Languages: French, Kiswahili Language: Kirundi Family: Bantu Spoken in: Burundi Speakers: 8.8 million Kuvuga indimi zirenga rumwe bisigaye ari ibintu abanyeshure ndetse n’afase akazi birata. Nagira rero ndabayagire akamaro ko Kuvuga indimi zirenga rumwe mfatiye kuvyo nabayemwo kandi nubu nkibandanya. Yamara, kubera ntegerezwa kwandika bike, sinza gushobora kubayagira ubumaro bwose bijanye. Reka dutangurire kukamaro ko kuvuga indimi zirenga rumwe kajanye no kwiga. Nciga mumashuri yisumbuye narashobora gusoma no kwumviriza ivyigwa biri mundimi n’imiburiburi zitatu. Ivyo vyangiriye akamaro kanini kuko narahungukira ubumenyi ntashobora gukura mw’isomero no mu bitabo twakoresha mw’ishuri. Akandi kamaro kajanye n’imico n’imigenzo. Ubushakashatsi buremeza yuko imico n’imigenzo bikwiragizwa hirya no hino biciye mu ndimi. Ni uko rero, mukuvuga indimi zitandukanye, mboneraho n’ukwiga imico n’imigenzo bijanye. Maze kumenya iyo mico n’imigenzo biramfasha kuyaga n’imigwi itandukanye y’abasanzwe bavuga izo ndimi, haba mukiyago gisanzwe canke mubuhinga bwa none bwingurukanabumenyi. Nama nsanga ndiko ndiga akaranga kajanye n’imigwi y’abavuga izo ndimi, nkaheza nkakongera kumibereho yanje. Biraheza bikampa kwiyumva ko nisanze, canke n’imiburiburi nsangiye vyinshi n’abandi bavuga izo ndimi zitandukanye. Kuvuga indimi zirenga rumwe kandi birafasha kugabanya umwanya n’inguvu umuntu akoresha. Muri iyi si ya none igendera ku buhinga bwo gutumatumanako, abavuga indimi nyinshi barazivanga mukwandika ubutumwa bugufi kuri telefone canke ingurukanabumenyi iyo bariko barayaga n’abandi. Ariko bivana nabo muyaga. Nk’akarorero, jewe ndakunda kuvanga Ikirundi, Igifaransa, Igiswahiri, Icongereza; bigaheza bikanfasha kuziganya umwanya. Akandi kamaro, katajanye wanashaka n’ibi biraba imibereho n’ukugene umuntu ayaga n’abandi, ni ibijanye n’akazi n’ubutunzi. Muvyerekeye akazi, abakoresha batari bake barakunda - abakozi bavuga indimi zirenga rumwe. Kuba uvuga indimi n’imiburiburi zibiri twama tuvyumva mumatangazo yo gutanga akazi. Muvy’ubutunzi naho, abashobora kuvuga indimi zirenga rumwe neza birababeshaho. Hariho abahinduzi b’indimi babigize akazi. Muri iyi si iriko irondera kwiyunga mugukorera hamwe, kuvuga indimi zirenga rumwe birashobora gucungura umuntu ahambaye. Muri make rero, kuvuga indimi zirenga rumwe bifise akamaro kanini uhereye muvyo imibano, mbere no mu butunzi. Muvyo nashikirije, nagerageje kuvuga akamaro nfatiye kuvyo nabayemwo n’ubu nkiriko. Nuko rero, uhereye kukamaro ko indimi zigufasha kwiga gushikana no gutenza imbere umuntu muvyo ubutunzi, kuvuga indimi zirenga rumwe bifise akamaro ntangere. 12


TCD Multilingual 2015
To see the actual publication please follow the link above